Monday, May 11, 2020

Burundi: Ikete Ryuguruye Kuri Nyakwubahwa Hon. Agathon RWASA


Hariho Gahunda y’Abatutsi b’Abahima yo Gushikira Ubutegetsi 
mu Bihugu by’Ibiyaga Bigari, Batanguriye mu Burundi 

SEBATUTSI Jonas
Ottawa-CANADA
Kuwa 04/05/2020

Kuri Nyakwubahwa Hon. Agathon RWASA, Umukuru w’Umugambwe CNL,
Bujumbura, BURUNDI.

Ikete ryuguruye (Lettre ouverte).

Nyakwubahwa Hon.Agathon Rwasa,Umukuru w’Umugambwe CNL, ni munkundire nidondore. Jewe nitwa SEBATUTSI Jonas, nd’Umurundi, Umututsi w’Umuganwa. Navukiye i Muramvya, mu Ntara ya Muramvya, mu mwaka 1960. Jewe nahunze Uburundi kuva mu kwezi kwa Gatanu, umwaka 1972, aho intwaro ya Micombero yagandagura sowanje imuziza yuko yari kumwe n’abamenja (Abahutu).

Kuva ico gihe gushika ubu ndi muhungiro muri Canada n’umuryango wanje. Ndakwirikirana cane politike y’Igihugu canje n’iy’ibihugu bigari (pays des grands lacs). Naravuze kuva kera umugambi wa Empire HIMA.

Nyakwubahwa Hon.Agathon Rwasa, Umukuru w’umugambwe CNL,ndazi yuko uri mu bantu baharaniye yuko abarundi bu bwoko bwa BAHUTU bishira bakizana mu Burundi. Ivyo ndabisanga mu ntumbero ya PALIPEHUTU yashinzwe na Remy GAHUTU, ariyo mwashikiyemwo mugakoreramwo cane igihe mwatujijwe n’intwaro y’abatutsi ba bahima mu gihe ca ntega-Marangara 1988.

Mu mwaka 2006, niho mwasinya amasezerano yo guhagarika intambara na leta y’umugambwe CNDD-FDD, ari naho mwaca mutahuka mu Burundi, babashinga amabanga yo kurongora INSS.
Mu mwaka wi 2010, mwaragiye mu matora kw’izina ry’umugambwe FNL ariko mu nyuma murayavuyemwo ngo kubera yuko yibwe n’umugambwe CNDD-FDD. Kuva ico gihe mwaciye muja Buhungiro aho i Bujumbura munyegejwe n’abatutsi bintagondwa ba bahima.

Mu nyuma , mwaratahutse, mushinga ihuriro Amizero y’abarundi muri kumwe n’abatutsi bagandaguye Ndadaye Melchior, mbere baraguha uburyo bwo kwiyamamaza. Mu matora yo mu mwaka 2015, waravuze yuko wayavuyemwo kubera yuko ikiringo ca gatatu ca Nyenicubahiro Nkurunziza Petero. Ariko mu nyuma, waratowe kuba Umushingamateka mu ntara ya Ngozi. Kuva muri Myandagaro 2015, wari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka gushika uno musi.

Nyakwubahwa, Hon.Agathon Rwasa, mu rugendo rw’akazi wagize muri afrika y’epfo nk’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka , warabonanye n’intumwa ya Petero BUYOYA iri kumwe n’intumwa ya Paul KAGAME wu Rwanda. Ivyo mwavuganye,ni ibanga ryanyu. Ariko vyarateye impungenge abarundi iyo bava bakagera.
                                    
Umubiligi yitwa Louis Michel, umugenzi somambike wa petero BUYOYA n’akarwi k’abatutsi b’abahima bahoze ku butegetsi, bagize uruhara rukomeye mw’igandagurwa rya Nyakwigendera NDADAYE Melchior n’abahutu benshi bishwe, niwe mutekamutwe kandi akabaserukira mu gusaba yuko intwaro ya CNDD-FDD ibandanya ifatirwa ibihano na Union Européenne.

Amakuru yo kwizera dufise kuva mu ntango z’umwaka 2020, nuko hariho PLAN Y’ABATUTSI B’ABAHIMA YO GUSHIKIRA UBUTEGETSI MU BIHUGU BY’IBIYAGA BIGARI batanguriye mu Burundi, yateguwe na Louis Michel (Umubiligi), Paul KAGAME w’u RWANDA, Petero BUYOYA yahoze arongoye Uburundi na Alexis SINDUHIJE arongoye umugambwe MSD. Inama nyishi zabereye mu Rwanda, Bruxelles na Ethiopie.

Muri uwo mugambi wabo wo gushikira ubutegetsi mu Burundi, kugira Igihugu gishikire abatutsi b’abahima. Babonye yuko boca kuri wewe Hon.Agathon RWASA ,kubera yuko usanzwe udacana uwaka n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD (Uwugomba Umuhutu atuma uwundi ), mu kuguha uburyo bwose bukenewe (amahera, imiduga, igitoro n’ibindi vyose ) uzoba ukeneye kugirango ugire imyiyamazo muraya matora ya 2020.

Hanyuma ibiharuro vy’amatora bishikirijwe n’umurwi ujejwe gutunganya amatora, uzoce ubihakana , uvuge yuko amatora yibwe kandi utazokwemera ivyavuyemwo mu gihe atari wewe wayatsinze. Aho rero abanywanyi bawe ba CNL, kubera wamaze kubategura , ntibazokwemera itsinzi ya CNDD-FDD bazoca batangura akaguma. Hanyuma ingendamuvano y’intambara mu Burundi ibe yaronse ikibanza.

Muruwo mugambi ugayitse, kuko utazoshobora kwihangana, uzoca uhunga, uje mw’ishamba , utanguze ingwano biciye ku murwi w’abarwanyi witwa M23 Burundi, ufatane na Red-Tabara wo Alexis SINDUHIJE n’abo kwa Aloys NZABAMPEMA, ushigikiwe na Paul KAGAME, Petero BUYOYA n’abagandaguye Ndadaye Melchior n’umubiligi Louis Michel.

Hanyuma intambara itangure mu Burundi babicishije kuri wewe Hon.Agathon Rwasa. Mu gihe, woshikira ubutegetsi biciye mu ntambara, bazoca bakugira Umukuru w’Igihugu, Icegera cawe n’Umushikiranganji wo kwivuna abansi abe Petero BUYOYA. Harangiye ikiringo c’imyaka itatu, bace bagukubita coup d’Etat bakwice, abasirakare bakuru bakuru n’incabwenge b’abahutu bose bicwe, hanyuma Igihugu bagishikirize Petero BUYOYA.

Aho rero Abahutu bazoba basezeye. Gusubira kandi gutwara Uburundi izoba indoto. Mu nyuma, bazoca bafata igice ca Congo DR, cane cane Sud Kivu bace bashiraho Empire HIMA. Aho mu Burundi, bose abishe Ndadaye Melchior bashigikiye wewe Nyakwubahwa Hon.Agathon Rwasa, aho nta makenga ubona? Wiyumvira yuko ari urukundo bagufitiye? Banka guseruka kugirango abarundi ntibababone muri kumwe mu myiyamamazo.
                                  
Nyakubwahwa Hon.Agathon Rwasa, umenye yuko na wewe impera n’imperuka, ata Burundi uzotwara. Ugize Imana ntibakwice, uzosubira kuba impunzi. Ndavye imyaka yawe aho igeze, gusubira mu Burundi,bizoba indoto. Uzohava umera nka Faustin TWAGIRAMUNGU afiriye mu buhungiro kandi yigeze kuba Minisitiri w’Intebe w’Igihugu cu Rwanda kuri leta ya mbere ya Paul KAGAME.
Nyakwubahwa Hon.Agathon Rwasa, ndagusavye kandi ndaguhanuye ureke guhenda abanyagihugu b’abahutu, ubakwegera mu ntambara, ubahisha ukuri, utababwira abo batutsi b’abahima muri kumwe, n’abo babiligi na Paul KAGAME bagatumye, bafise umugambi wo gushikira ubutegetsi baciye kuri wewe.

None Nyakwubahwa Hon. Agathon Rwasa, birantangaje cane kubona wemeye kuba icitso c’abo banyangaje, bakica Datawanje, bagatikiza abahutu b’inzira karengane, na wewe bakwangaje, bakakwicira abawe! Ariko,mu nyigisho zawe zinyegeje, abandi barundi b’abahutu ubita ivyitso vy’abatutsi.

Raba imbere, amaronko yawe y’ubutegetsi ntatume Uburundi busubira mu ntambara. Intambara kuyitangura biroroshe ariko ntumenya ingene izohera, ntumenya abo izohitana, ntumenya ikiringo izomara. Abarundi bararushe cane n’intambara, nimuhe Abarundi amahoro n’umutekano birama.

Ko wemeye ukaja mu matora, haburana babiri hagatsinda umwe. Uwutsinze aba atsindiye bose. Uwutsinzwe nawe n’Umurundi, abandanya imirimo yiwe ata nkomanzi.

Nyakubwahwa Hon.Agathon Rwasa, Umukuru w’umugambwe CNL, muri uwo mugambi wo gushikira ubutegetsi abatutsi b’abahima mu Burundi, wewe uri igikoresho gusa kandi nta nguvu uzoba ufise zo kubigarama no kubarwanya. Ndazi yuko ibi ndagushikirije uzobihakana, uvuge yuko ari abakurwanya, mbere uvuge yuko ari aba CNDD-FDD. Ariko umenye yuko ari ukuri, igihe gishitse kizovyerekana.

Jewe nta mugambwe numwe negemeye kandi ndimwo. Ukuri ku Gihugu canyibarutse nzogushikiriza. Nipfuriza Igihugu canyibarutse amahoro n’umutekano birama. Abarundi bose baroranirwe kandi batekanirwe mu gihugu cabo.

Nyakwubahwa Hon.Agathon Rwasa, Umukuru w’umugambwe CNL, nkaba ndangirije ngaha, nizera yuko ugiye gufata nkama ibi ndagushikirije, urabe inyungu z’abarundi bose, nturabe inyungu rwawe gusa, wubake Igihugu cakwibarutse kizira intambara n’imigumuko kandi nkaba nizeye yuko Abarundi bamenya uku kuri.
                               
Murakoze

SEBATUTSI Jonas

Izindi nkuru bijanye:




Sunday, May 10, 2020

Tension between Rwanda and Burundi: the sprinkler could be sprinkled

By Charles O. Obua
Trumpet News Writer, Kampala
Saturday, May 9, 2020
According to sources very close to Burundian and Tanzanian intelligence, the Rwandan President Paul Kagame, who governs Rwanda by proxy of the Western countries and their multinationals, would consider involving his army for simultaneous military attacks on the two countries, Burundi and Tanzania.

These sources revealed that everything was planned according to a double standard combining an attempt at regime change via an insurgency movement like that of 2015 where a small group of extremely violent demonstrators clashed with the police for almost three weeks, supported by an arsenal of Western press organs and even lobbies in the UN Security Council.  We will remember that during and after the insurgency, everything was done to make the world believe that the Burundian authorities were committing genocide against the Tutsi minority.  The insurgency ended with a failed coup and an electoral process which led to the presidential election of the incumbent President Pierre Nkurunziza.

The second scenario wants to combine the first one with the Ivorian case where the candidate Laurent Gbagbo, the big winner of the presidential elections because supported by the majority of the population, saw himself declared the big loser in favor of Alassane Wattara, a stooge in the pay of France and USA.

In the case of Burundi, things are planned to take place in two phases, according to the same source. First, Agathon Rwasa, President of the National Congress for Freedom (CNL), will yell out that his votes were stolen, despite the fact that the current polls give 75% to the CNDD-FDD, and a little less than 20% to the CNL. His statement, which will be relayed by Western media, will be made after the presidential election of May 20, 2020, from a Western embassy in Bujumbura, which will then help him leave the country.

Second and simultaneously, Agathon Rwasa will launch armed attacks with a pseudo rebellion composed of residual members of his CNL, RED-TABARA, the MSD of Alexis Sinduhije, and some deserters from the Burundian army. It is this pseudo rebellion that will serve as a Trojan horse for the Rwandan army. In other words, it will be mainly soldiers of the Rwandan army disguised as rebels.

Indeed, according to our sources, the Rwandan army does not intend to act officially until Kagame and its Western sponsors have the certainty that the takeover of Bujumbura is imminent, « supposedly to stop the ongoing genocide in Burundi », as it was wished, but failed, in 2015.

Considered as a great and unconditional ally of Burundi, Tanzania will be attacked in the aim to dissuade the latter from any interference in this operation against Burundi. In addition, Kagame never digested the defeat of the M23 in 2010 in DRC by the Tanzanian special force, with the help of Burundi which would have lent its airport for airstrikes, and even troops on the ground.

The same sources also confided that it is by knowing this macabre plan that Burundi and Tanzania would have decided not to confine their respective populations against Covid-19, having been informed that Rwanda would have taken the opportunity to launch its operations of destabilization against these two countries. Indeed, confinement of the population would mean quarantining the civil self-defense force, considered to be an avant-garde force against any external aggression.

From 2014 until very recently in 2020, Burundi has suffered several armed attacks by Rwanda. The most recent was on May 8, 2020, and took place in the waters of Rweru Lakes, in northern Burundi, when a Rwandan navy boat first fired at the Burundian navy.  Reliable sources report a soldier killed on the Burundian side and 3 soldiers killed on the Rwandan side.

According to sources close to Burundian intelligence, Burundi has long been prepared for any eventuality. A well-engineered defense secret plan is already in place to defend the country while operating tactical progressions will target the capture of Kigali via rebel movements hostile to the Rwandan regime, and which will be joined by part of the Rwandan army, and with the support of the population on the ground. 

As for the Ugandan adage which says that « who strikes in shit is the first splashed ».

Related Article:
Rwanda: INTAMBARA YO GUHIRIKA UBUTEGETSI MU BURUNDI NO MURI UGANDA YARANGIJE GUTEGURWA

Opinion: Rwanda’s Open War on Burundi Unlikely